Umukuru w'igihugu c'Uburundi avuga ko adatahura igituma Sosumo iheruka kuduza igiciro c'isukari.
DICOBU TV DICOBU TV
5.83K subscribers
1,223 views
46

 Published On Sep 19, 2024

Umukuru w'igihugu Evariste NDAYISHIMIYE abona ko igiciro c'isukari ya SOSUMO kiri hejuru aho umufuko udandazwa na SOSUMO ku mafaranga 400.000 mu gihe avuga ko umufuko uvuye mu gihugu c'ubuganda ushika mu Burundi kuri 243.000fr. Umukuru w'igihugu aranagabisha umuntu uwariwe wese yogerageza gukora amanyanga ayariyo yose mu bijanye n'igitoro. Uwurôngōye igihugu yabishikirije kuri uno wa kane mu ntara ya #Cankuzo igihe yariko atatanga inyisho kundongozi zagenwe n'itegeko ry'umukuru w'Igihugu,abashingamateka n'abakenguzamateka hamwe rero n'abarongoye imigambwe bo mu ntara nshasha ya Buhumuza.

show more

Share/Embed